Kishore Kumar Hits

Kidum Kibido - Soma Rusose текст песни

Исполнитель: Kidum Kibido

альбом: The Best Of Kidum Kibido


Kwa Miburo gwahiye
Reka ngende kumviriza MAMAAA
Weweee
Yari Sokuru nabasomambike biwe,
Bahimvye urukanwa akamwemwe kabasya.
Maze hakaba ivyino ni intambo z'ikirundi
Bigina uwo munsi umwansi rugatunda.
Nayo sokuru agufata mukarumutsa
Nti tugire amahoro bashingantahe
Tugire amahoro bapfasoni
Runo rukanwa
Muruhe umutima nti muruhe inda.
Inda ni imanga,
Inda bahomara,
Soma soma,
Reka ngende kumviriza.
Soma rusose
Umwansi rutunde.
Nayo uwukwanka arakabona
Nkayo nabonye. /R2
Ugwo rukanwa rero,
Rwanwanwisha abantu.
Rwari rufise akamaro kanini mumibano.
Ruri muntago,
Ruri m'umubindi.
Birigwa baraganyaza,
Bagaca barukikuza bafise imikenke,
Basoma bakuza
Basoma bakuza
Basoma bakuza
Maze bakanama rimwe.
Akagwa karaho(akagwa karoho)
Reka ngende kumviriza
Ng'ese akagwa karaho (soooma),
Reka ngende kumvumba.
Kwa Minani gwahiye,
Kwa Yohani gwahiye,
Kwa Miburo gwahiye,
Reka ngende kumviriza
MAMA
Soma rusose (somaaa)
Umwansi rutunde.
Nayo uwukwanka arakabona
Nkayo nabonye. (ntaco dupfa mugenzi, somaaa)
Soma rusose
Umwansi rutunde.(soma soma)
Nayo uwukwanka arakabona
Nkayo nabonye.
Soma rusose
Umwansi rutunde.(ncuti n'amagara)
Nayo uwukwanka arakabona
Nkayo nabonye.
Soma rusose (wampaye ubwatsi)
Umwansi rutunde.
Nayo uwukwanka arakabona
Nkayo nabonye.
Bashingantahe bapfosoni tugire amahoro.
Ndabashimiye cane
Kukungene mwaje kuntera rino teka mukantebukako.
Kuri ivyo rero,
Runo rukanwa nabahaye,
Narubahaye ruvuye k'umutima
Ndizera ko mwebwe mwaruhaye umutima ntimuruhe inda
Kuko muziko inda ari ukuzimu kudashima
Ni tugire amahoro n'ubumwe bwabarundi.
Soma rusose
Umwansi rutunde.(nzisoma)
Nayo uwukwanka arakabona(eeeh)
Nkayo nabonye.(eeh we soma soma)
Soma rusose
Umwansi rutunde.
Nayo uwukwanka arakabona(wantwaye ubwatsi soma)
Nkayo nabonye. (soma amasho soma)
Soma rusose (soma soma)
Umwansi rutunde.(aya yaya yaya)
Nayo uwukwanka arakabona(ni mbona yahoni petero)
Nkayo nabonye.
Soma rusose
Umwansi rutunde.
Nayo uwukwanka arakabona
Nkayo nabonye.
Soma rusose
Umwansi rutunde.(ewe soma soma)
Nayo uwukwanka arakabona (ewe soma soma)
Nkayo nabonye.

Поcмотреть все песни артиста

Другие альбомы исполнителя

Похожие исполнители

Meddy

Исполнитель

Nandy

Исполнитель

Elani

Исполнитель